laingze mc ishaka (feat. double jay) şarkı sözleri

Uoo Uoo Ooh oh uwo wooh Yeah yeah Unh Ivyisi birarusha kubironka numwanya Na vyinshi vyarangora bakinyita umwana Kumfata nkigitoto muri bato ndabigwanya Ubuzima bwo nashakaga nta bwari bwo gufyina Kuko ubukene bwinshi buratuma ubigisuma ntagukina Uzanye ibihanga imbere nuguhongora ntagushinya Abansi nabo bigira abagenzi ndafinya Kuko ntutera imbere nyimba mwama mugendana Korana ishaka mubuzima kuko ntavyizana Itunga nturivukana ahubwo urarikurana Intambwe nukurondera siyo gusotorana Kandi siyo kwicana kubera amafaranga Koresha ubwenge mubikogwa nkumuhinga Kubaho ukora bibi navyo bitera agahinda Kwicisha bugufi muvyukora ubona intambwe kandi ushiremwo umwete Mm Burya uwutazi ivyisi Yama avyita gwiwe ee Korana inguvu nyishi Bizogenda neza we ee Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye Yeah Birababaje kugira inguvu hama ntukore Harya uwutera imbere aryama gato akavyuka kare Uwama arumunebwe asaba uwufise amarare Uwusaba akakwishura nkuwama afise amacare Hama akakuraba nkuwutagira morale Urima itiro mubuzima ukimbura ingonera Uwutarima ntamira utazi imigani ndakubwira Imana yaduhaye impano yogukora niyo kwimbura Rondera amahera mumahoro naho ahera Intambwe yo narondera ubu jewe ndayibona Ndashimira Imana buri musi yama inzigama Hamwe na Mama yama antera intege mubuzima Uronse ibintu vyiza ntuzibagire gushima Shima ibiciye imbere kuruta ibiguca inyuma Inyuma hari ibanga ivyimbere urabibona Ivyinyuma ninyuma bishobora kuguhitana oh na na naa Mm Burya uwutazi ivyisi Yama avyita gwiwe ee Korana inguvu nyishi Bizogenda neza we ee Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye Ye ye ye ye Ye ye ye ye Yeah Kura amaboko mumpuzu kora Erega ntibizoza wicaye Ntawundi muti atari gukora Tera iteka abakuvyaye Ubuzima butangwa ni Imana Ariko nayo yamifasha uwifashije Reka gutakaza umwanya rondera uzugire aho wigejeje Korana ishaka mwana wa Mama aye ye yeah Burya uwutazi ivyisi Yama avyita gwiwe ee Korana inguvu nyishi Bizogenda neza we ee Ahari ishaka hari inzira ishika ye ye ye ye Korana ishaka bizogenda neza ye ye ye ye
Sanatçı: Laingze MC
Türü: Belirtilmemiş
Ajans/Yapımcı: Belirtilmemiş
Şarkı Süresi: 3:46
Toplam: kayıtlı şarkı sözü
Laingze MC hakkında bilgi girilmemiş.

Fotoğrafı