ra sol mp kazuri (feat. aafisa) şarkı sözleri
Yo
Nyumvira gato muko
Ndakubwir' ukuri kwanje
Rek' imivuduko gutyo
Muhira nguhe kaze
Urya mutama ntac' azaguha
Atari kugutesh' umwanya
Kand' uzoruha
Iwanje ntac' uzobura
Niwaramuk' unkunze
Kandi nzokuruhura
Nkor' iki ng' uvyumve
Nzoguha vyose
Hose nzogushikana
Nindamuka nkuronse
Ibiryoshe tuzohana
Nkumbuye
K' agatwengo kawe
Wahor' untwengera
Nshitse mw' irembo ryawe
Agashimwe nama mfise mu ntoke
Kar' akawe
Wansang' iyo ndi
Ukangwa munda
Nanje umunezero
Ukandenga umunezero
Umunezero ukandenga
Yob' ar' ibihera
Vyatumy' ukund' umutama
Uno mushaha
Unyorohere ku kwanka
Oyaaa
Je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha (Ga)
Kasura kawe kazuri
Naguma nibesha (Ga)
Baby je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha
Kasura kawe kazuri
Ni je naguma nibesha
Ah
Hu ni ukweli mamy
Nakutamkia
Na wala mi sio tapeli
Yani siwezi kukimbia
Mbgiz' ukuri menye uko mvyifatamwo
Kukuber' urumuri niyo yanje mahitamwo
Sinzokuzimiza
Mu mwiza nzokuber' itara
Sinogucikiza
Mbuz' umugisha nosara
Kuba hafi yawe nokwishima birenze
Kuko nubu nkuhawe sinoba nihenze
Nzoguha vyose
Hose nzogushikana
Nindamuka nkuronse
Ibiryoshe tuzohana
Iwanje ntac' uzobura
Niwaramuk' unkunze
Kandi nzokuruhura
Mbe nkor' iki ng' uvyumve
Oyaaa
Je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha (Ga)
Kasura kawe kazuri
Naguma nibesha (Ga)
Baby je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha
Kasura kawe kazuri
Ni je naguma nibesha
Tutarahura naribana
Amahera m' umufuko yarifana
Mu birori nary' ijana
Ntawundi twajana
Uno mutima warimana
Ubutunzi bwanje bgarigana
Agateka imuhira ntawakazana
Eka ntawakazana
Nonese ra ko wabihinduye ukansezera
Nimb' uri gutamba n' abandi uramenya yuko
Wanje umushaha
Ntuzonyorohera kukwanka
Burya we undutira
Inyenyeri mu kirere zicana
Oyaaa
Je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha (Ga)
Kasura kawe kazuri
Naguma nibesha (Ga)
Baby je mbgiz' ukuri
Waguma umbesha
Kasura kawe kazuri
Ni je naguma nibesha

