sag wise uko biri şarkı sözleri

Nkubwire uko biri Nkubwire uko bimeze Nkubwire uko biri Yeeaaahh Kwimisi ingenda nsubizubwenge inyuma nibuka Nkiri muto ntwenga ubuzima budatuma niruka Kubwamagogwa naje nsanga ahanze hano kwiyisi Kubwabahorwa ivyo batazi bahirwa bufyisi Kure yabanje irungu namaganya binyica Nkumugabo yiyemanga intwengo yanje ibihisha Kuba inyenyeri yaka cane no gusumba izindi Bisaba kwiheba ukaguruka ntube nkabandi Ngura ikaramu nongera nurupuro Ncapisanamu igaragaza neza ibiriho Kuwavutse nabi ubuzima bukab' umuriro Kuwavutse neza nawe ntamagogwa nubukiriro Bwirizwa ryurukundo ko ryabaye indahiro Umutima ugatekana utukana ugatemana Itongo ryamugenzawe atanubwoba ugahitana Impano nimwe vyose impera nimperuka uzishura Umva mugenzi Umva nkubwire uko biri Umva nkubwiruko bimeze Umva nkubwire uko biri Umva mugenzi wanje Nkubwire uko biri Umva nkubarire uko bimeze Umva nkubwire uko biri Ninagenda ntihazogire abaziriza ngo kuvyukuri yarumugenzi twishimikiza Twamuzigako urukiza keza kImana yaduhaye kuko vyinshi twabibanye none iramutwaye Ninagenda ntakubwiye naho ko nkunda Suko ntabishatse vyukuri yari gahunda Wige guha agaciro ubuzima bwumuntu Nikiremwa cubashwe Imana yagiriye ubuntu Ba berahino nabo reka mbasezere Urazokwamana umutima wurukundo ubatwengere Umutima ushima Umutima urinda Umutima utwenga Umutima utanga Bwirizwa ryurukundo ryabaye indahiro Umutima ugatekana utukana ugatemana Itongo ryamugenzawe atanubwoba ugahitana Impano nimwe vyose impera nimperuka uzishura Umva mugenzi Umva nkubwire uko biri Umva nkubwiruko bimeze Umva nkubwire uko biri Umva mugenzi wanje nkubwire uko biri Umva nkubarire uko bimeze Umva nkubwire uko biri Tubaye kwisi aho bamwe bafise impuzu Ibirato vyinshi vyuzuye amazu yabo ariko batavyambara Hakaba nabandi batagira nikamambiri agapira canke Ikoti yokwikinga umuyaga ibihuhusi n'imbeho mwijoro Tubaye kwisi mungo nyinshi inrya zisezwa zigatabwa Mwibarabara huzuye abana nabantu batiga ico bashira kumunwa Tubaye kwisi aho bamwe amazi bayasesa bakayakinisha Abandi banwa ibiziba kugira bimare akanyota Aho abatowe abavutse neza biriwa bakarara munzoga Bwaca ukumva ngubukene mugihugu buteye isoni Tubaye kwisi ahumwigisha adafatanya impera zibiri zukwezi Wamunyeshuri yigisha yavukanye ibimbuto umushahara wiwe akawuheza mwijoro rimwe Kuko twese turi bamwe kuko twese tuzoheza kumwe kuko iherezo ryacu ari rimwe Twari dukwiye gufatana amaboko Bike dufise tukabisangira Tukaba umwe tukarindana amara Nkubwire uko biri Nkubwire uko bimeze Nkubwire uko biri Yeeaaahh
Sanatçı: Sag Wise
Türü: Belirtilmemiş
Ajans/Yapımcı: Belirtilmemiş
Şarkı Süresi: 4:00
Toplam: kayıtlı şarkı sözü
Sag Wise hakkında bilgi girilmemiş.

Fotoğrafı